Burundi: Prezida yasavye abanyeshure kwipimisha COVID-19 bose

admin
3 Min Read

Abanyeshure bose biga mu bigo by’amashuri y’uburaro mu Burundi kuva kuri uyu wa gatanu baripimisha coronavirus mu mwiteguro wo gusubira ku mashure ku wa mbere, nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejjwe amagara y’abantu.

Iryo sekeza ryerekeye abanyeshure bashika 30.000, abigisha babo n’abasanzwe babakurikirana mu buraro (encadreurs).

Umwe wese muri abo ”azotegerezwa kuba afise urupapuro rwerekana ko yipimishije” imbere yo kwinjira mu kigo c’ishure ku wa mbere, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Thadee Ndikumana.

Iyo ngingo yatangajwe inyuma y’aho bisabiwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye.

Prezida Evaritse Ndayishimiye yabivugiye mw’ikoraniro ryahuje urwaruka 1500 ruva mu ntara zose z’u Burundi kugira ruvugane ikibazo c’ukurwanya ubukene.

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, abandura coronavírus bariyongeye mu Burundi inyuma y’umwaka umwe iyo ndwara ivuzwe muri ico gihugu.

Abitavye iryo koraniro bamwe bagaragara mu mafoto bafise udufukamunwa n’ubwo hari abatwambaye mw’izosi, ariko hari n’abatatwambaye.

Prezida w’Uburundi yabwiye abitavye ikoraniro ati: ”Ndasavye y’uko mu gusubira mu mashure yanyu mwese mwogenda mwipimishije kugira mumenye ko mufise amagara meza kugira ntimuzoshike mwanduza abandi”.

Umukuru w’u Burundi yavuze ko ashaka kwirinda ivyashitse igihe c’inyuma y’uburuhuko bwa Noel.

Yagize ati: “Mwarabonye mu kiruhuko ca Noweli ingene vyabagendeye. Benshi bagiye banduye bashika banduza abandi babana mu mashure.”

Evariste Ndayishimiye yavuze ko yamaze kubwira umushikiranganji w’amagara y’abantu gutegura isekeza ryo gupima abanyeshure bose b’amashure yisumbuye imbere y’uko basubira ku mashure.

Amashure mu Burundi azokwugurura icese ku wa mbere 12/4/2021 inyuma y’uburuhuko bwa Pasika.

Ingingo zo kwirinda zimwe zubahirizwa nabi nabi

Mu ntango z’uwu mwaka, abandura umugera wa coronavírus bariyongeye cane mu Burundi ugereranije n’imbere yaho bituma igihugu gikaza ingingo zo kwirinda ikwirakwira ry’uwo mugera.

Gushika ubu winjira mu Burundi ari uko ugiye n’indege gusa, ariko iminsi yo gushika ushirwa ukwa wenyene mw’ihoteri iherutse kugabanywa iva kuri ndwi ishirwa kuri ine gusa.

Izindi ngingo nko kwambara agafukamunwa canke kwirinda kwegerana zubahirizwa nabi nabi.

Gushika ubu kandi reta y’u Burundi nta gahunda ifise yo guha incanco za coronavírus abanyagihugu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yatangaje ko reta y’u Burundi yahisemwo kuba irarindiriye, ivuga ko incanco ziriko zirakoreshwa gushika ubu zitaremezwa burundu ko ata ngaruka mbi zishobora gutera ku magara y’abazihawe.

Ku biharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, mu Burundi abamaze kwandura umugera wa corona ni ibihumbi 3.017 na 6 gusa umaze kwica.

Abamaze kwandura no gupfa bashobora kuba barenga aho cane kuko hatangazwa ibitgiri vy’abaciye mu bigo vyo gupima canke kuvura bizwi icese.

Share This Article
Leave a Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *